Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 01 Nyakanga 2024

Publié le 1 septembre 2024 par Rédaction

Turi ku musi w’imana umunsi wa mbere w’ukwezi kw’icenda umwaka w’i 2024, ndabaramukije mwebwe mwese mwashimye gukurikira radio inzamba agateka kawe , uwu ni wa myanya wo kubashikiriza amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera , nayo mukaba muyashikirizwa na …., kaze.

Ndasubiye kubaha ikaze muri ano makuru duhera mu gisata ca politike. Abanyagihugu bo mu ntara zitandukanye barabandanya bidogera abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bariko barabaka ku nguvu  amafaranga bavugako aray’intererano y’amatora yimirije yo mu 2025. Nko mu ntara ya Cibitoki ,  abanyagihugu bavugako batumva ingene bategekwa gutanga ayo mafaranga kandi bose batanava muri uwo mugambwe. Bavuga kandi ko ivyo bije gusongera isibe kuko bari basanzwe bari mu bukene nta ngere, bagasaba leta ko yobihagarika. Ni inkuru tubaza Alexandrine Keza.

Umugambwe Sahwanya Frodebu uriyamiriza intererano z’amatora yimirije ziriko zakwa abanyagihugu ku ngu n’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD hirya no hino mu gihugu. Umugambwe Frodebu uvugako izo ntererano ziriko zakwa hadakurikijwe amategeko , ugasaba leta kuzihagarika mu maguru masha amazi atararenga inkombe. Ni inkuru ya Janvier Habarugira

Arakoze Janvier Habarugira .

Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 28 ukwezi kw’umunani uwu mwaka w’ i 2024,  imyaka 24 yari irumanye neza na neza abarundi bateye igikumu kumasezerano y’i Arusha , amasezerano y’amahoro no gusubizahamwe kw’abarundi. Kubwa Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CFOR ARUSHA ngo ico gihe ayo masezerano yashigwako igikumu , abarundi bariruhukije kuko n’imirwi yari yafashe ibirwanisho yabishize hasi irahagarika intambara. Frederic Bmvuginyumvira ababazwa nuko  umugambwe CNDD  FDD aho ushikiye kubutegetsi waciye uhamba ayomasezerano.

Mu makuru ajanye n’ubutungane , ngo kubona Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishuli Christ Roi ryo ku Mushasha mu ntara ya Gitega amaze amezi abiri akiri mumunyororo kandi ubutungane bwaramwejeje , ngo ni kimwe muvyerekana ko ubutungane bw’uburundi burwaye kandi butigenga na gato .Ivyo bivugwa na Anita Gateretse ajejwe imigambi mw’ishirahamwe rukiristu rigwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu ACAT BURUNDI.Anita Gateretse asaba umushikiranganji w’ubutungane nawe nyene asanzwe ari umukenyezi , co kimwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka babakenyezi gukora ibishoboka kugira Emilienne Sibomana ashobore kw’idegenvya kuko ariko azira ubusa.Tega Amatwi Anita Gateretse.

Tukiri mu gisata c’ubutungane , ubutungane ngo bukwiye kwikubita agashi bukareka kuba igikoresho c’ubutegetsi, maze bukarekura abasirikare babarundi 272 bafunzwe kubera banse kuja  kugwana n’umuhari M23 muri Congo. Ivy oni ibisabwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Avuga ko uravye ibihano baciriwemwo , biboneka neza ko ari agatotezo ku gisirikare . Janvier Bigirimana agasaba ko igihe abo basirikare bokwunguruza urubanza , bobwirizwa kuronka uburenganzira bwo kuburanirwa n’abashingwamanza bitoreye. Tumutege amatwi.

Umuhari w’abigeme n’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi INAMAHORO wo ubonako gupfunga  abo basirikare bifise ingaruka mbi nyinshi kubuzima bw’imiryango yabo. Hampande yo kubaho mugahinda , ngo hari ibibazo vyo gutunga ibibondo n’ibindi vya nkenerwa. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, asaba umukuru w’igihugu guhagarika akarenganyo kariko gakorerwa abo basirikare . Kurikira.

Uwo yari Marie Louise Baricako arongoye umuhari w’aabigeme n’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekanao mu Burundi INAMAHORO, akaba ari no ngaha dusezereye ayo makuru twari twabateguriye, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiranye, …….nayabashikirije ,ndabifurije kuroronigwa mu vyanyu no mu banyu, nahubutaha.

 

 

Ibindi bisa n'ibi