Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 26 Rusama 2024

Publié le 26 mai 2024 par Rédaction
  1. Ingwara ya cholera irakira iyo ivuwe kare. Ivyo bivugwa n’umuhinga mu vy’ingwara z’ivyaduka, Come Konakuze. Avuga ko mu Burundi ico kiza kiva ku bituma vyinshi, ariko vyose ngo bikava ku bukene bwugarije abanyagihugu. Come Konakuze agafatira kw’ibura ry’amazi rituma haba isuku rike, maze abantu ugasanga bariko bakoresha amazi arimwo imicafu ituma bandura umugera wa cholera.
  2. Inyishu  nyamukuru n’uguhimiriza abanyagihugu ku kungene bokwigenza muri bino bihe. Hama reta igashinga umurwi ukurikirana ku musi ku musi uko ico kiza kiriko kirarwanywa. Aho ni mu gihe abanyagihugu boba bamaze guhabwa ivya ngombwa kugira birinde iyo ngwara kandi ntibayikwiragize.
  3. Abanyagihugu bo muri zone Gasenyi, komine Buganda mu ntara ya Cibitoke baratabariza. Bavugako ata mazi meza bafise bagatinya gufatwa n’ingwara zivuye kw’isuku rike. Basaba abategetsi ko bakora ibishoboka bakabagarukanira ayo mazi imbere y’uko ibara rigwa.
  4. Abanyeshure b’abigeme babiri bo kw’ishure ryisumbuye Lycée Kayanza baraye mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu Kayanza. Abo banyeshure biga mu mwaka wa nyuma mu gisata c’inderabigisha, bari bahejeje kwirukanwa kur’iryo shure. Mu gihe bariko begereza mu miryango yabo, igipolisi carabafashe kibata muri yompi. Bikanavugwa ko ata kintu bari basize bononye. Abatari bake hari mwo n’abavyeyi babo bakaba banegura iyo nyifato
  5. Abantu 6 ni bo bahagaritswe kuva mwijoro ryo kumusi wa gatatu rishira kuwa kane ku mitumba ya Giharo na Mura muri commune Giharo. Bamwe muri bo bakaba bafatiwe mwitongo ry’abapfuye rya Giharo bariko bazura ikiziga c’umwana w’umunyamwema cari cahahambwe. Amafaranga agera kuri millions 150 ngo niryo soko bari bemerewe mugihugu kibanyi ca Tanzanie bashikanye ibihimba vya nyamwema. I
  6. Muri komine Giharo, hari Umunywanyi w’umugambwe CNL arengeje indwi apfunzwe atagira dossier. Amakuru ava mu gipolisi muriyo commune, yemeza ko inyuma yugushirwa imbere y’inyamiramabi kuruyu wa Kane, ikigongwe ciwe ngo kirashoboka ariko abanje gupfumbatisha Alexis Baraguma arongoye umugambwe CNDD FDD muri Giharo amafranga angana n’ibihumbi 350 vy’amarundi. Abanywanyi ba CNL aho i Giharo, basaba ko uwabo yorekurwa atagisabwe kuko apfunzwe kukarenganyo azira imvo za politike.
  7. Abategetse Joy Akimana, umukobwa wa general Alain Guillaume Bunyoni, kwambura impuzu zose kugira bamusake, bategerezwa gukurikiranwa n’ubutungane. Ivyo bisabwa n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Uwo muhari utera ivyatsi ingendo y’abapolisi bacungereye ibohero rya Gitega aho uwo yahoze ari umushikiranganji wa Mbere apfungiwe. Umukobwa wiwe yari yagiye kumuramutsa ku mus iwa gatatu uheruka aho yasabwe n’abo bapolisi gukura impuzu agasigara ari gusa. Ku bwa Marie Louise Baricako, abategetsi basigaye bahonyanga amategeko mu gutitura akaranga k’Abarundi.

Ibindi bisa n'ibi