Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 19 Rusama 2024

Publié le 19 mai 2024 par Rédaction
  1. Imyaka icenda yariheze kwigenerekerzo rya 13 Rusama uyu mwaka hari abasirikare bashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza. Ukwo kugomba gutembagaza ubutegetsi abasirikare babikoze inyuma y’indwi zitatu abanyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kitari gikurikije amategeko. Kuva ico gihe igihugu caciye kija mu magume, yaranzwe n’ubwicanyi, iburwa irengero, n’ayandi mabi hadasizwe inyuma ipfungwa ryabo bose bakekwa kutavugwa rumwe n’ubutegetsi.
  2. Gutembagaza ubutegetsi bidakunze ngo vyaciye biba icitwazo c’Ubutegetsi bwa CNDD FDD kugirango batuze abo bose bagwanya ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza , kandi cari giteye kubiri n’amategeko . Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Akababazwa n’abantu inzinzi bakurikiranywe n’ubutungane , bagatabwa mu mvuto , abandi bagata bakomoka kubera agatotezo kakurikiye .
  3. Kwigenekerezo naryo rya 14 Rusama uyu mwaka , imyaka icenda yarirumanye neza ama radiyo ane yigenga Radio RPA , Radio Isanganiro , Radio Bonesha Fm , na Radio Television Renaissance abomowe ayandi araturigwa . Ivyo vyabaye haraye habaye abantu bashatse guhirika ubutegetsi  kw’igenekerezo rya 13,  ayo ma radiyo uko ari ane yagirizwa kuba yakoranye nabo bashatse guhirika ubutegetsi.
  4. Ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwamanye kuva kera imigambi yo kugara amaradiyo kuko bwatinya ibinyamakuru bikora vyigenga kuko vyashira ahabona ibinyegezwa bwakora. Bivugwa n’umuyobozi wa radio RPA Ijwi ry’abanyagihugu, imwe mu ma radio yaturiwe. Bob Rugurika, ariko arafise icizere cuko igihe kizogera amaradiyo yasambuwe agashumbushwa n’ababikoze bagahanwa hisunzwe amategeko.
  5. Diomède Ryambabaje yahora arongoye ibohero ry’i Bubanza yarakuwe murino ndwi murayo mabanga. Yakuwe n’ubuyobozi bukuru bw’amabohero. Akaba yahowe kuba yaha ikibanza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye mubikorwa bitandukanye uwo mukenyezi yitanga nk’igihe hatera ingwara y’amaso mur’iryo bohero. Ariko rero na buramatari wa Bubanza akaba ifise uruhara mw’ikurwa rya Diomède Ryambabaje, amuhora ko abarongoye abandi banyororo atabatandukanya afatiye ku moko.
  6. Nta mvo n’imwe ishobora kubuza umufungwa kwitoza kugira ngo atorwe guserukira abandi banyororo mu gihe bamugomwe. Bishikirizwa n’ishirahamwe rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT Burundi, Anita Gateretse, umuhuza bikorwa muri ACAT Burundi, amenyesha ko ivyo vyerekana itotezwa ribandanya kugirirwa umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Amenyesha kandi ko amategeko mpuzamakungu akingira abanyororo, abuza ko umupfungwa akumirwa.
  7. Ngo Kirazira kikazizirizwa gukora uruja n’uruza rw’ikawa imbere ya sakumi na zibiri zo mu gatondo n’inyuma ya sakumi na zibiri zo kumugoroba. Uwuzofatwa arenze kuriyo ngingo azofatwa nk’umusuma kandi azohanwa bikomeye hakurikijwe amategeko . Ivyo vyashikirijwe kumusi wagatatu n’umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi Prosper DODIKO , hari mugihe hariko haskikirizwa abategetsi bashasha b’ikigo ODECA kijejwe gutezimbere igitegwa c’ikawa mu Burundi . Prosper DODIKO yasavye abo bategetsi gukora ibishoboka vyose kugira umwimbu w’ico gitegwa wiyongere.

Ibindi bisa n'ibi